Kanseri yo mw’ibere si agaseseshwa rumuri

 Kanseri yo mw’ibere si agaseseshwa rumuri
Kanseri yo mw’ibere iribonekeza cane mu Burundi. Ibiharuro vyatowe n’ikigo Bujumbura Pathology Center biravyerekana. Ukwikorakora amabere kenshi hamwe no kwipimisha hakiri kare nivyo bisabwa kugirango twirinde iyo ngwara.

Nk’uko vyemezwa n’igisata kijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS), umukenyezi 1 kuri 12 ararwara kanseri y’ibere mu buzima bwiwe. Abarwayi barenga imiriyoni zibiri n’amajana abiri nibo batowe kansera y’ibere mu mwaka wa 2020. Ni yo kansera yambere yica abakenyezi. Abakenyezi bababa ibihumbi 685 barishwe niyo kansera mumwaka wa 2020 nk’uko bishikirizwa kandi na OMS.

N’ubwo atabitigiri mfatirwako bihari mu Burundi, ibiharuro vyatowe n’ikigo Bujumbura pathology Center (Bujapath), kijejwe gusuzuma n’ugupima kansera yo mw’ibere, biteye akoba. Ku bagore 127 bakorewe ibipimo (biopsies mammaires), 89 baratowe iyo kanseri kuva mu kwezi kwa nzero gushika hagati mu kwezi kwa gitugutu mu mwaka wa 2022, ni ukuvuga ibice mirongo irindwi kw’ijana (70%). Kuva mu mwaka wa 2019 gushika m’umwaka wa 2021, abantu 164 nibo batowe iyo kansera mw’ico kigo nk’uko vyemezwa na muganga Chamy Mikaza akorera muri Bujapath.

Muganga Chamy Mikaza yerekana imice ibiri y’imvo zongerereza impamvu yo kurwara kansera yo mw’ibere ku bakenyezi. Hari imvo zishobora guhinduka hamwe n’izindi zidashobora guhinduka. Mu muce wambere avuga uburyo umuntu asanzwe abayeho nko kugira ubuvyibuhe burenze, kutinonora imitsi, kunywa inzoga nyishi, itabi n’ibindi.

Mu muce wa kabiri avugamwo akaronda. Ashikiriza ko nimba harabayeho umwe mu muryango yarwaye iyo kansera vyongereza impamvu yo kurwara iyo ngwara. Gufata imiti ihinguwe mu nkabuzo zitwa œstrogènes, kuja mu butinyanka ubwambere utarakwiza imyaka cumi n’ibiri, gusama imbanyi ya mbere utevye canke kugumbaha ni izindi mvo zongereza amahirwe yo kurwara kansera yo mw’ibere.

Haribonekeza intambamyi zitari nke

Uburundi burafise intambamyi zitari nke mu kurwanya iyo kanseri. Mu gihugu cose hari ibigo bitarenga 2 vy’ugupima iyo kansera navyo ni Bujapath n’ikigo kiri ku bitaro vy’abanyeshure vyo mu Kamenge (Roi Khaled). Ikindi nuko hari ibigo 3 bivurirwamwo iyo ngwara. Ikigo kiri mu bitaro vy’abanyeshure vyo mukamenge, ikindi mu bitaro Tanganyika Care Polyclinique hamwe n’ikindi kiri mu kinindo mu kigo kiri mu bitaro CMCK. Ikindi kibazo kihari nuko mu Burundi hari abaganga 2 gusa banonosoye ibijanye no gupima iyo ngwara (anatomopathologistes).

Hariho kandi ivyiyumviro mu barundi bituma bativuza hakiri kare barindira kwumva ibimenyetso vy’ingwara kugira bivuze. Nk’uko bivugwa na Muganga Mikaza, kanseri ngo ni ingwara iza mu kayombekera ikarwirirana bukebuke kandi ibimenyetso vyayo vyibonekeza vyaratevye umuntu aza yamaze gusinzikara.

Muganga Mikaza avuga ko amahimiriza yotuma ibitigiri vy’abipimisha vyiyongera. Ukwikorakora amabere birahanurwa na muganga Chamy Mikaza. Ashikiriza ko abagore bategerezwa kwikorakora amabere nimiburiburi rimwe mu kwezi. Igihe bumvise ibimenyetso biteye amakenga bategerezwa kuja kwa muganga kwisuzumisha.

Ivyo bimenyetso bishobora kuba nk’iyo akamoko k’ibere kacokeye canke akabona ibere rirafise utuvyimba canke rikavamwo ibintu umenga ni amazi, utunogo mw’ibere, udukomere twizanye. Ibindi bimenyetso n’igihe ibere rihinduye imerocanke ritakingana n’irindi…

Muganga Chamy Mikaza aramenyesha ko reta itegura kwugurura ikigo c’akarorero co kurwanya kanseri kizoba gifise ibikoresho bikwiye vyo gusuzuma n’ugupima kanseri y’ibere.

Twomenyesha ko n’abagabo bashobora kurwara kanseri yo mw’ibere. Nk’uko bimenyeshwa na OMS umugabo 1ku 1000 arashobora kurwara kansera yo mw’ibere.

admin

Articles similaires

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

MENU
Mukenyezi Magazine